Umunsi Mukuru w’abakundana woba uzi ?

Sexualité

 

 

 

 

 

Mu minsi ihimbaye mu buzima bw’abakundana n’abantu bose, harimwo iyi tariki ya cumi na kane Ruhuhuma. None uyo munsi mukuru wavuye hehe ? Umweranda Valentino wewe ninde ? Tuwuhimbaze gute ?

 

Amamuko 

Mu kinjana ca gatatu, hari Umwami yitwa Claudiyo wa kabiri, akaba yavugwa ko yari Umugome cane. Cari igihe c’intambara kuko uyo Mwami, yakunda cane gusotora ibindi bihugu, akabitera kugira avyigarurire. Kugira rero ivyo bitero vyiwe bikunde, yakenera ko imisore n’abagabo batongera gusamazwa n’abagore babo, canke abana babo. Niko gutegeka ko ata bugeni bwongera guhimbazwa. Araheza ubwo, arabuza ko hagira rwose abasubira kwubakana.

Ariko rero, haza Umupatiri, wewe arakomeza kwakira abipfuza kwubaka urwabo kandi arabahezagira. Umwami ngo avyumve, aramufatisha, amuta mu mvuto. Mu nyuma, ategeka ko bamwica. Bivugwa yuko boba baramwishe igenekerezo rya cumi na kane Ruhuhuma.

Ayandi mamuko y’uwo munsi mukuru w’abakundana tuyasanga, mu minsi mikuru y’igipagani yahora ihimbazwa n’abaromani, mu matariki ya cumi na gatatu gushika iya cumi na gatanu Ruhuhuma. Iyo minsi mikuru yitwa « Les lupercales ». Yari iminsi, habaho imigirwa yo guhimbaza Imana y’Irondoka yitwa Lupercus. Ico gihe, abagabo bariyoberanya, bagaheza bagasohoka guhiga abakobwa batarubaka. Kuko bavuga ko bariko barahimbaza umunsi mukuru w’irondoka, baraheza bakarangura imibonano mputsabitsina ku mugaragaro, ataco binona. Abakundana mu mpisho, canke abamye bafitaniye ubucuti bwegeranye, kari akaryo nyakwo ko kwirekura no kwubahuka kwerekana urukundo bafitaniye.

Umupapa Gélase wa Mbere, mu kinjana ca gatanu, yahavuye ategeka ko iyo minsi yovamwo iyo migirwa mibi ikaba imigirwa gikristu. Niho yahavuye ayihuza na wa munsi bivugwa ko Umweranda Valentino yiciweko. Itariki ya cumi na kane Ruhuhuma, iraheza rero iba Umunsi mukuru w’Umweranda Valentino kandi Umunsi mukuru w’abakundana.

Umunsi w’abakundana gusa canke ?

Gushika mu kinjana ca cumi n’icenda, iryo genekerezo rya cumi na kane, hahimbazwa urukundo rw’abubakanye ariko kandi urukundo rw’abagenzi bacuditse. Abo bose rero, barahanahana udukete turimwo utujamwo tw’urukundo canke twerekana ubucuti n’igishika c’umutima bafitaniye.

Ikinjana ca mirongo ibiri, abantu batangura noneho kwongerako, iruhande yo kwandikiranira, guhanahana amashurwe, ama chocolat n’utundi tuganuke.

 

Mu Burundi, tubigenze gute kuri iryo genekerezo ?

Abarundi turasanganywe umugirwa wo gukundana no kwakirana. Uyu munsi rero, wotubera akaryo ko kuvyura ubucuti dufitaniye atari urukundo rw’abasangiye umugambi wo kwubakana gusa : Mu miryango abavyeyi bahimbaze n’abana babo, abavukana uko nyene, abagenzi bicarane.

Ariko rero, Umunsi Mukuru w’abakundana ube, ku buryo bwiharije, Umunsi Mukuru w’abubakanye, bibukanye indagano bahanye, bicarane, abatakivugana basubize hamwe, bibukanye igihe urukundo rwabo rwatangura.

Umunsi Mukuru mwiza w’abakundana kuri twese !

 

 

Gentille Fanny NAHIMANA

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *