MBEGA KOKO IKIRUNDI KIRAGOYE ? DUKUNDE URURIMI N’IGIHUGU VYACU

Culture

Umwigisha w’Ikirundi muri Kaminuza Ferdinand Mberamihigo avuga ko abavuga ko ururimi rw’ikirundi rugoye atarivyo ariko kandi arasigura impamvu babivuga batyo.Abisigura afatiye ku kirundi n’ikinyarwanda. Uwo mwigisha aradusigurira ijambo rya Gishingantahe canke ijambo ry’urubanza. Aranatubwira n’ibindi vyinshi ku majambo n’ururimi vy’Ikirundi. Muduhe amaso gusa,ni kuri Zenplanet Magazine

Figure 1: Ibubamfu Umutumire Ferdinand Mberamihigo, iburyo Tite Iradukunda Umumenyeshamakuru/Zenplanet Magazine

Mu kiganiro Zenplanet Magazine yagiranye na Ferdinand Mberamihigo umwigisha w’Ikirundi muri Kaminuza y’Uburundi akaba n’umushakashatsi muri urwo rurimi twaganiriye ku bibazo bitatu nyamukuru navyo vyari ibi :

Mbega ko abarundi batari bake na cane cane urwaruka bakunze kuvuga ko ururimi rwacu rugoye boba bafise ishingiro ?

Mbega iyo umuntu avuze ngo Ijambo rya Gishingantahe  twokwumva iki ?

Mbega ko dukunze kubura amajambo mashasha y’ikirundi twokoresha mu bijanye n’ubuhinga bwa none, habura iki ngo ayo majambo aboneke ?

Inyubako y’amajambo y’Ikirundi

Ku kibazo ca mbere, uwo mwigisha yavuze ati : « Ururimi rw’ikirundi ntirugoye. Burya ururimi rugora umuntu bivanye n’urundi rurimi rwiwe kavukire na cane cane bakunze kuvuga ko ururimi rugoye iyo barugereranya n’urundi vyegeranye. Ariko iyo izo ndimi zitandukanye cane usanga bigorana » Ariko naho biruko Mberamihigo avuga ko burya indimi zose zifise ico zihuriyeko ari nayo mpamvu ubona umuntu ashobora kwiga urundi rurimi bigakunda ariko atokwiga kuvuga nk’igikona. « Ehe raba turabire hamwe nk’akarorero abavuga ko ikirundi kigoye ku kinyarwanda. Ngo emama, umurundi ajabutse gatoyi mu Rwanda agaruka avuga ikinyawanda ariko atariko bimeze ku munyarwanda! » Mu bisanzwe biva kumvo zibiri :

Imvo ya mbere : Ngo biratumwa na kahise kacu. Bivanye nuko muri kahise abakoroni batwumvishije ko ivyacu ata kamaro bifise n’ururimi rurimwo, abarundi nabo bamwe muribo hari abafise ako gatima ko kudakunda ururimi rwabo bigatuma batarwitaho. Ngo imvugo zose usanga dushaka gukoresha izindi ndimi.Uko kurufata minenerwe bituma ikirundi gica kibagora ari naho bavuga ko rugoye ariko yamara atari uko biri.

Nayo imvo igira kabiri : Ngo ni ukuntu ururimi rw’ikirundi rwubatse. Kubwiwe, uwo muhinga  Mberamihigo avuga ko ikinyarwanda coroshe kwiga kurusha ikirundi, mbere aratanga uturorero : « Urabona kuvuga ikinyarwanda burya biroroshe cane gusumba kuvuga ikirundi bivanye n’amajambo agumye y’ikirundi. Ehe nk’akarorero, kuvuga ivyatsi biroroshe gusumba ibyatsi kuko ibice vy’ijambo ivyatsi ni /ibiatsi/. Mu kuvuga iryo jambo biroroshe kuvuga ibyatsi kuko inyitangizo iguma ari b ntazindi nguvu zikenewe. Ariko kugira uvuge ivyatsi uvuye ku nyitangizo b bisaba izindi nguvu kugira usubire kuri v+y. Ni ukuvuga ko kugira uvuge ijambo ivyatsi haba hahindutse ivyo twita mu gifransa ” les règles de langue” nyinshi ari navyo bituma uwiga yorohegwa n’ukwiga amajambo arimwo ingingo nke ». Akandi karorero ku rivuga gukunda. « Mu kinyarwanda bavuga umuntu ukunda ariko mu kirundi bavuga umuntu akunda ; uvuze umuntu ukunda nta n’inyitangizo yahindutse,ariko uvuze ngo umuntu akunda ubwa mbere hahindutse vyinshi,ubwa mbere inyitangizo u yabaye a ikindi kandi n’akatuzo kahindutse cane ». Ferdinand Mberamihigo akavuga ko ivyo vyose ari ibituma bavuga ko ururimi rwacu rugoye.

Ijambo rya Gishingantahe,ijambo ry’urubanza

Ku kibazo kigira kabiri cabaza icarico ijambo rya Gishingantahe, uwo mwigisha avuga ati : « Ijambo rya gishingantahe twoshobora kuvuga ko ari ijambo ry’urubanza iryo naryo rivugwa n’umuntu (umushingantahe) batumye kandi yemerwa kuko bazi ko ashirutse amazinda azi neza gukurikiranya ivyiyumviro agatomora ingingo ashaka gushikako. » Ariko kandi ngo ijambo umushingantahe ni umuntu yatiwe kubera ingingo kugira ngo aze yumvikanishe abantu, ahuze abatase canke anywanishe abantu ariko kandi akaba umuntu w’ijambo. Umushingantahe n’ijambo ntibitandukanye cane kuko umuntu batuma ijambo aba afise akaranga nk’ako umushingantahe yatiwe. Impamvu rero twovuga ko iryo jambo dushobora kuryita iry’urubanza ni kubera ko tuvuga ko ari ijambo rya gishingantahe kubera ko rivugwa n’umushingantahe rikaba kandi nijambo ry’urubanza kuko rivugwa mu rubanza.

Mbega ijambo rya gishingantahe rivugwa mu manza izihe ?

Ijambo rya gishingantahe rivugwa  mu manza zose nkako ni ijambo ry’urubanza, erega abarundi bagira bati Nta rubanza rutagira ijambo. Mu manza zikomeye zo kuva aho hambere nk’izo gukwa, ubugeni, kugaba mbere niz’ubu nko kubatizwa n’izindi, hose harangwa n’ijambo. Mbere burya no mu bindi bihugu nk’i Buraya naho nyene ngo mu manza baravuga ijambo.

Mbega abakenyezi n’abana biremewe ko bavuga ijambo rya Gishingantahe ?

Kuva aho hambere ijambo ryavugwa n’abagabo mu manza zose, ariko vyarashika ko mu rubanza rwo kuganduka ku mushingantahe munaka ko umukenyezi nyene kubura avuga ijambo. Mberamihigo akabona ko mbere ari ibisanzwe ko abagore nabo bavuga ijambo mu rubanza ariko bivanye n’urubanza urwo arirwo kandi bikava no kuri nyene kumuha iryo jambo.

Nayo ivyo uko umwana yovuga ijambo wewe siko abibona kuko burya ngo vyogorana ko abarundi batahura ko umwana yovuga ijambo ryiza. Ariko avuga ko bivana n’imyaka afise ubona ko nk’akarorero abana b’ubu baheza amashure kare ati birumvikana rero ko ku rubanza rwo gusozera amashure aronka ijambo.

Avuga ko kandi kugira umwana avuge ijambo bivana nabo bari kumwe mbere n’abo aribwira.

Ijambo rifise akamaro nyabaki ?

Ferdindand Mberamihigo avuga ko mu kuvuga ijambo aba ari n’akaryokuba ko kuryosha ikiyago mu rubanza ari nayo mpamvu bakoresha amajambo aryoshe mbere arimwo n’ubuhinga mu gihe co kwishurana no kwitsa ijambo.

Twobibutsa ko ijambo ritanguzwa n’indamukanyo rigasozerwa n’indamukanyo nyene. Ijambo mu Burundi rirafise agaciro gakomeye ni kimenyamenya bavuga bati « Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo »

Mbega koko ikirundi kirakenye amajambo yo gukoresha ?

Muri ico kiganiro twagiranye, twahavuye turonse amajambo amwe amwe twokoresha mu kirundi kumbure tutari tuzi. Aha twovuga nk’ibi bikurikira : industries culturelles et créatives we avuga ko ari ubuhinga kama na mvabwenge, musées avuga ko ari ibibanza vy’iratiro ariko agatandukanya ivyo bibanza n’inyubakwa ndangakahise, sculpture ni ikibazano, comédie ni ibiyagiragutwenza, théâtre ni inkinamico, poésie  avuga ko ari iryoshamvugo nayo réseaux sociaux agira ko ari ibiyazi vya none.

 

Tumubajije impamvu amajambo nkoramutima nkayo adasohoka cane ngo akoreshwe avuga ko ari vyiza ko amajambo mwe nayo abanza guca mu gisata nshingwakirundi kugira babanze bayakosore. Ariko avuga ko kitobuza ko abarundi boba barayitiza canke mbere bagacura n’ayandi majambo mashasha ajanye n’ubuhinga bwa none maze ca gisa nshingwakirundi kikazoyakorerako.

Dusabwa iki ?

Mu gusozera ico kiganiro yagiranye na Zenplanet, umwigisha Ferdinand Mberamihigo arangiza ahanura abarundi na cane cane urwaruka kuzigama iragi. Iryo ragi naryo si irindi ni ururimi rw’ikirundi twarazwe na basokuru bacu nkako yaratubwiye ko ururimi rw’igihugu ari itunga rikomeye kuko ariko karanga kacu nk’abarundi. Mwari muzi ko tudakunze ivyacu nk’ururimi canke igihugu ata terambere rishoboka ?

Dukunde ururimi Ikirundi dukunde igihugu cacu.

 

Inkuru ya Tite IRADUKUNDA/Zenplanet Magazine

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *