Intahe y’umuyabaga, Ndayizeye Claudine

Nos adolescents écrivent

Intahe ya Ndayizeye Claudine, umuyabaga w’imyaka 17, akaba asanzwe ari muri Club des ados yo kuri Lycee Municipal Ngagara. Claudine aba ku Mutakura, commune Ntahangwa.

ZenPlanet: Muri Club des ados ya ZenPlanet, wize vyinshi vyerekeye ivy’inyifato ndoragitsina, hari ico woba waratahanye?

Claudine : Ego cane, natahanye vyinshi rwose. Mu vyo nasigaranye nkoresha no mu buzima bwanje, ndamenyako umuyabaga yokwirinda kugira imibonano mpuzabitsina akiri muto, kuko ntaba arakomera, ashobora no kuvyanduriramwo indwara zitandukanye zifatira mu bihimba vy’irondoka, umugera wa Sida canke agatwara inda atipfuje.

ZenPlanet: Ukija gukurikirana izo nyigisho wari witeze iki muri zo?

Claudine : Narumva abo tugendana bambwirako inyigisho ndoragitsina zitangwa na

ZenPlanet Magazine, numvise kuzihabwa rero nagiye niteguye neza kuzitegera, nkazigendera, nkazozigisha n’abandi, kuko nasanze ari ngirakamaro mu buzima bwanje ndetse n’ubw’abandi.

ZenPlanet: Harico mwene izo nyigisho zofasha abavyeyi mu kurera abana babo?

Claudine : Ego cane. Izo nyigisho ni ngirakamaro, abana bozigishwa bakazikurana, kugira babeho bazi gutandukanya ikibi n’iciza, n’ivyobashikira bigashika babizi. Bokwigishwa ubwa mbere kugira isuku ry’umubiri wabo na cane cane abana b’abakobwa, hanyuma bakigishwa n’inyifato z’ubuzima ndoragitsina.

ZenPlanet: Woba warigeze kuganira n’umuvyeyi wawe kubijanye n’inyigisho ndoragitsina?

Claudine : Oya, sinigeze nganira n’abavyeyi banje ibijanye n’ubuzima ndoragitsina, kuko abavyeyi banje, biyumvirako boba bariko batwigisha ubushirasoni.

Ariko jewe naratahuye akamaro k’izi nyigisho. Nico gituma nzozigendera, nzozireresha n’abo nzokwibaruka, kugira bazozikurane, babeho bazi gutandukanya ikibi n’iciza ku buzima bwabo. Mboneyeho n’akaryo ko gushimira vy’imvamutima ZenPlanet Magazine, yo yatuzaniye izi nyigisho ku mashure. N’ukuri uwutazomenya, ntazogire ngo isoko ry’ubumenyi ntiryaje.

 

Ikiganiro categuwe na Nicaise Mayagwa

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *