Uruhara rw’inzoga mu migenderanire y’abarundi

Culture

Kuva kera na rindi, abarundi bamye bagenderanira. Mu gukomeza ubucuti, ubugenzi canke umubano, akenshi uwagendera uwundi ntiyagenda umutwe musa. Mu gutsimbataza iyo migenderanire, urukanywa rwari ntahara mu buzima bw’abarundi nakare bavuga bati « Ubunyegeri buyagira kw’igufa ». Erega iryo gufa ntimwibaze ngo ryari ikindi,ni urukanywa.

Figure 1: Abarundi bariko barasangira ku ntango

Hari ingendo yahavuye iba nk’umugirwa bita Kugemura (kugemuriranira) yamye iranga abarundi. Kugemura ni ukuja kugendera umuntu ariko ukagenda witwaje akantu canke ibintu. Ariko kenshi aho haruguru mu buraruko bw’igihugu, uvuze kugemura benshi bumva urubanza ahanini ruba rugizwe n’inzoga n’ijambo. Inzoga nazo batwara iyo bagemura zari kwinshi : -inzoga y’urwarwa-impeke-insongoUwo muco rero wo kugemuriranira n’ubu hariho  aho ukiri mu Burundi

Figure 2: Abikoreye ibitandukanye bagemuye

Turi neza na neza mu buraruko bw’igihugu, mu ntara ya Ngozi Komine ya Tangara, umusozi Nyagasebeyi. Abantu batwaye amabido menshi arimwo inzoga zitandukanye n’abandi bikoreye amakapo arimwo ibitandukanye. Hari nabikoreye ibindi tutazi bipfutse n’igitenge, ariko ivyo vyose tuvuze biherekejwe n’abashingantahe n’abapfasoni harimwo ba nyene urubanza n’ababaherekeje. Nyene urubanza ati : « Naramutse ngemurira incuti (afise umugore avukana n’umugore wiwe :
bendahamwe) aba ngaha i Nyagasebeyi. »

 

Umukurambere twaganiriye ku bijanye n’uyo mugirwa yavuze ko aho hambere bagemura mu nkono ariko kubera abarundi batagikoresha inkono cane ariyo mpamvu ubu bagemura mu mabido.

Inzoga yo mu ntonga
Iyo rero bagemuye, mu nzoga batwara hariho iyo bita inzoga yo mu ntonga. Yaba ari inzoga isumvya izindi kuryoha akenshi yaba ari isongo maze kabayishira mu nkono bakayitereka mu ntonga mu gihe izindi zaba ziri mu mabido canke mu nkono gusa. Ariko kubera intonga ubu zitagwiriye, abenshi bayishira mw’ibido nk’izindi ariko yoyo bagaca bayifuka n’igitenge nico kiyiranga ko ariyo mu ntonga kuko naho biri uko iryo zina ryoryo ntiryahindutse. Iyo nzoga rero ntiyanywa abaribo bose kuko yaba igenewe nyene kugemurirwa nkako iyo nzoga ntiyashikira hamwe n’izindi kuko yoyo yashikira haruguru(mu cumba ca banyenurugo).

Mu gihe aho hambere izo nzoga bazitwara ku mutwe ubona ko zaba ari inkono, ubu abenshi bazitwara ku makinga arinavyo twabonye aho i Nyagasebeyi. Tubajije impamvu batwishuye ko ari kubera iyo bazitwaye ku mutwe bituma hagenda umurongo w’abantu benshi ariko kw’ikinga/igare umwe arashobora gutwara ibibido(ibidumura) bitatu canke birenga kw’igare rimwe. Mbere ngo iyo arikure hari nabazitwara mu miduga bivanye n’uburyo bw’uwugemura.

Mbega ni iki kandi bagemura ubu ?

 

Ikindi gisa n’icahindutse ni uko izo nzoga z’ikirundi ziherekezwa n’izindi z’ikizungu nka Primus, ifanta na amstel mbere akenshi ngo hari igihe arizo zisubirira ya nzoga yo mu ntonga.

Mwomenya ko iyi nkuru ikomoka mu ntara ya Ngozi, bishoboka ko mu zindi ntara vyoba bigenda ukundi.

 

Inkuru yanditswe na Tito IRADUKUNDA/ZenplanetMag

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *