UMUYABAGA W’UMUNYAMUJI YEREKANWA N’UKUNYWA ITABI N’URUMOGI.

Adolescence

Mbega kunywa itabi canke urumogi ku bayabaga nivyo vyerekana umuyabaga asirimutse canke w’umunyamuji???

Biribonekeza caane ko abahungu canke abakobwa bageze mu myaka y’ubuyabaga bashikirwa n’ingorane nyinshi ahanini ziva k’ukutitahura no m’ukutimenya bigatuma benshi bivanye nabo bagenda mu kibano baja mu ngeso izi canke ziriya. Barashobora kuja mu ngeso nziza nkuko bashobora kuja muri mbi iyo badakurikiranywe neza.

Intahe z’imiyabaga Eric na Béni.

Umwe mu bayabaga twashoboye kuganiriza yitwa Eric yatubwiye ko agitangura kunywa ivyo biyayura mutwe yavyishimira cane kubera ko yari yavyohejwe n’abagenzi bagenda, kandi kubera we yari yaje ava hagati mu gihugu rero akaba kuri we yarakeneye kuronka abagenzi babanyamuji rero akabikora kugira nawe bamwemere. Avuga ati: “Ntakintu ca mpimbara mbonye abana b’I Bujumbura banyakiriye muri bo, rero naca nshaka kubinywa kugira babone ko ntari uwaruguru.” Uwo ni Eric

Ariko hari na Béni we yavukiye hano mu gisagara akaba aba mu Ngagara we yatwiganiye agira ati: “ngitangura kubinywa ahanini uretse abagenzi twajana ko boba aribo banyoheje ariko kandi haruko biva muri aya mareresi dukunda kuraba yo hanze, kenshi turabona abo bayabaga ubuzima baba babayemwo bukaturyohera hama tugashaka kubigana, ikindi naco n’ukubura ico dukora, tugaca twirirwa mu nkuru hamwe n’abandi gutyo ugasanga twatanguye kurondera ico duteramirako turonse amahera tugashiramwo inzoga ariko atayabonetse ntitwirirwa uko. Twaca  turondera ayakamogi canke itabi hama umusi ukabona kurangira neza. Ariko, canecane ingorane usanga abavyeyi bafitaniye hagati yabo twe nk’abana biraturengera bikatunanira kwihanganira; bigaca bitunanira kwiyumvira kwiga uzi ko abavyeyi bawe baraye bararwana. Hari nabo turi kumwe kw’irigara babijemwo kubera babuze abantu babitaho kubera abavyeyi batandukanye gutyo ugasanga niwe yiraba icibagiwe n’abana batoyi bobo ntibaba bafise ikibaraba bagaca nabo nyene bagwa mu mporero. Niyo mpamvu turonderera ubuhungiro mur’ukwo kunywa ibiyayura mu mutwe kugira twumve ko twogira amahoro na bukebuke.”

Icegeranyo ca nations unies mu mwaka 2021.

Ivyo biruko mu gihe icegeranyo catanzwe na nations unies mu mwaka 2021 kivuga ko abantu bababa igice c’umuriyoni bapfuye mu mwaka wa 2019, mu gihe ihahamuka riva kukunywa ivyo biyayura mutwe vyatumye hatakara imyaka igera ku miriyoni 18 z’ubuzima mu gisata c’amagara meza. Mu mwaka urangiye ico cegeranyo kivuga ko ibitigiri vyababa imiriyoni 275 z’abantu banyweye ivyo ibiyayura mu mutwe. Bisigura ko hiyongereweko  ibice bishika 22 kw’ijana (22%) urabiye ku  bitigiri vyo mu mwaka 2010. Kuva muri 2030, ibiharuro vyerekana igwirirana ry’abantu bitegekanya ko mu gihe atacokorwa ngo birwanywe abantu banywa ibiyayura mutwe bazoba biyongereye gushika k’ubice 11 kw’ijana (11%) kw’isi yose, hamwe no gushika k’ubice 40% k’umugabane wa Afrika honyene.  Ico cegeranyo kirererakana ko kandi abayabaga ari bo bantu bageramiwe cane, cerekana ko mu mwaka wi 1995 mu bayabaga cumi, umunani nibo bari bemera ko kunywa urumogi bifise ingaruka mbi ariko mu mwaka wa 2019 mu bayabaga cumi batanu bonyene nibo bemera ko kunywa urumogi bifise ingaruka mbi.

 

 

 

Ibibazo bindaje ishinga

Mbega ubwo ko Afrika ari wo mugabane ugifise imiyabaga myinshi hama tukaba tubona ko kuva mu mwaka 2030 ibiharuro vy’abanywa ivyo biyayura mutwe bizoba vyarenze ibice 40%, none k’akazoza ka Afrika twipfuza kazoba kari hehe mu gihe atamiyabaga tukigira kandi ariyo ishoboye gukora ibikorwa vyinshi?

Mbega none abayabaga b’abarundi ivyo biharuro boba babizi? Hoho baratahura ko ejo heza h’igihugu hahagaze kuri bo? Mbega abo vyega bariko bakora iki kugira hagwanywe hakiri kare iryo bara? Mbega abo bayabaga ko bumva ko kubinywa ari ubuhizi boba bazi ko bibica? Mbega hoho amahinguriro ahingura ivyo biyayura mutwe yoyo ntabona ko ariko arica buhoro buhoro kazoza k’igihugu?

Musomyi wa Zenplanet nawe bite? Uvyumva gute? Uremeza ko abayabaga banywa ivyo biyayura mutwe babinywa kubera bashaka kwerekana ko basirimutse canke ari abanyamuji?

 

MUHIRE Ulysse Trésor

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *