Ikosa ni iryande ?

Témoignages

Nitwa Nina nkaba mvuka mu muryango w’abana batandatu nkaba ndi imfura. Mawe ni umwigisha mu mashure mato mato. Dawe ni umusirikare, navutse ndamubona rimwe na rimwe. Nagira nsangire  namwe ivyambayeko mu buzima hariho naho vyogufasha canke bigafasha n’abandi. Kuva ntaguye ishure,iyo ntashe mvuye kw’ishure Mama yaranyakira neza n’urukundo rw’umuvyeyi. Hari naho twafatanya urugendo tugiye kw’ishure canke dutashe,yaranyagisha ,akanyitaho,akankorera vyose nkuko umuvyeyi abikorera umwana wiwe wese. Jewe na batoyi banje twakuriye mu muryango mwiza urimwo urukundo,kuko si nigeze mbona Data  ashamirana na Mama. Umuryango waruhimbaye cane  naroshoboye kwiga ndaheza amashure y’intango.

                       Mubuzima ngo ntibihora ingere…

Naho mawe  yanyitaho akankorera vyose, ntiyigeze anyagira ukuri kw’ubuzima bwo umwigeme uko bigenda imbere yuko ashika mu bigero ni gihe abayabishitsemwo.

Mfise imyaka cumi nine (14) ans ndiko ndangiza umwaka w’indwi niho nabonako impinduka yivyo ntari menyereye natanguye kubona mvyimba mu gikiriza, mbona utubere turiko dututuza. Kurivyo vyose Mawe ntaco yari bwigere abinyagirako. Niho mu nyuma habaye umunsi wabaye munini kandi mubi; nibonyeko ikimenyetso c’amaraso mu gihimba cirondoka. Ndabura uko ngira, mfata igishambara ndibinda kuko amaraso yaguma aza ku bwinshi,ndiyumvira uko nobibaza mama ibimbayeko nterwa n’isoni mbura naho nobihera. Nakuze atabagenzi tugenderanira bobo nari kugerageza nkababaza, mu buzima bwanje umwana umwe,yitwa Fiston umuhungu w’umuyobozi w’ishure nigako Mawe nawe akaharangurira imirimo ya minsi yose niwe twagenderanira,tukayaga buhorobuhoro kuko wewe yari yisumbuye gato kuri jewe,yiga mu mwaka w’9.Umunsi ugira kabiri ndiko ndibonako ayo maraso ntazi ico avako aragize ubwoba bwinshi ntinya ko mpava ngira ikibazo kirekire nkanahasiga ubuzima. Nahavuye negera umwe Fiston twayaga bukebuke ndabimubwira wewe yaratwenze nanje ndatangara acarandemesha aranambwira ivyo ar’ivyo.

Munyuma yansavyeko nobibwira Mawe nanje ndatinyuka ndabimubwira amaze kuvyumva yirukiye ku kazu k’idandarizo angurira turya dukoresho abigeme bakoresha iyo bari mubutinyanka acarinumira nanje nari namaze kubimenya ncandadukoresha. Munyuma yagereranya ko ukwezi guheze akanzanira utundi atajambo yongeyeko.Ndaba mubwo buzima bw’uKutamenya ikimbakiye nabaza uwo mugenzi wanje Fiston twayaga vyose tukanagenderanira kuko n’abavyeyi bacu bari abagenzi.

Ivyanje na Fiston vyaje kurangira gute ?

Mpejeje umwaka w’indwi uwo nita umugenzi wanje w’ukuri Fiston nawe agiye mimwaka w’10 niho zahindura imirisho ivyi ncuti birahera tuba abakunzi. Munyuma vyaje kuba bibi kuko uwo Fiston atako atagira mukunyagira ivy’ubuzima nanje nkamubonamwo umuntu nyakuri wenyene mu buzima.Yahavuye anshira mu nzira zitari zo gushika aho tugera ku rugero rwo guhuza ibitsina. Vyarabaye akatari gake vyarangora kwakira,bikankomeretsa ku mutima ariko nkabura uko ngira ngo ndamwikure. Naremeye ndabibamwo gutyo nyene  ntabikunda nagatoya.

Ivyo urukundo rwacu ntivyabaye vyiza kuko vyarangiye ntwaye inda ya Fiston, aho niga mu mwaka w’umunani. Ubuzima bwarabaye bubi cane kuko maze kumubwirako nibungenze Fiston yampanuyeko twokurayo iyo mbanyi nanje ivyo ntavyo nari inzi niho munyuma yafashe ingingo yo guhunga agenda kwinyegeza iyo ntazi. Imishamirano yarabaye myinshi hagati y’umuryango wanje nuwa Fiston,ishure ndahagarika uwitwa umuhanuzi wanje yahunze. Ndabura ico gukora ndategura kw’iyaka ubuzima(kwiyahura)  mpfane n’uwo ntwaye mu nda ariko mbura ico nofata.Mu nyuma nahavuye  ndavyakira  na mawe acatangura kwubahuka kunyagisha kuko inyuma y’imishamirano yarasubije umutima hamwe turayaga kuvyabaye.Mawe yagiye kumpanura ataco agikiza.

Ngo wanka kuagarura impene ikiri hagufi yamara kurenga imirambi ukabira nkayo!Mu nyuma na mawe yararushe uwari umuhanuzi wanje amaze kunkorera ikibi hanyuma agahunga,mawe niwe yasubiye mu kibanza c’iwe. Ubu naravyaye mara umwaka wose nahagaritse ishure ndeze uwo mwana. Narasubiye kwiyandikisha mw’ishure ndiga mu mwaka uza ndaronka urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye.

Ubu ndibaza impamvu mawe  atanyicariye nkiri muto ngo anyagishe kuvyerekeye ubuzima bwanje akagera kubimbwia namaze kurwa mu rudubi. Abavyeyi mwari mukwiye kwubahuka mukicarana n’abana mukayaga ukuri ku buzima  bwabo waramuvyaye,ntiyogutera isoni ryo    kumubwira ukuri.kuko iyo akuze akagera mu bigero n’iteka kuruyo mwana ubwiwe n’umuryango,ndetse n’igihugu.

nabuze gihanura ubu ndicuza!

 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
OuiNon

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *